Bakunzi ba Burundi Hit, twabaronkeye clip yabaririmvyi bari basa nkabazimiye, twabaheruka kera, aho twovuga nka uncle crazy wewe twari tumuheruka kera cane, Terry west wewe hari haciye nkumwaka tutamubona mumuziki ndundi.
uncle crazy wewe hari haheze nkimyaka ishika kuri nkine tutamubona.
iyi rero ni clip yabo nshasha, ikaba inabonekamwo umurwi Indimu. nuwo murwi indimu ntukiboneka muri muzika ndundi. ariko turizera ko nka vuba bashobora kutuzanira bishasha nabo. iyi clip rero igihe Terry west yayidushikiriza akaba yavuze yuko yishimiye cane aya masanamu akaba ayituye abarundi nabarundikazi mwese.abakunzi biwe ngo mukomeze kumufata mumugongo.
Big fariouz ariko arakora clip yindirimbo yiwe yise whats my name yafashijwe na chany queen, iyo ndirimbo ikaba ari indirimbo yahatswe gukorera ibara fizzo, aho abantu benshi batatahuye ico yari yashatse kuvuga.
aho ninkaho yavuga ama radio menshi, ariko munyuma Big fariouz akisigura neza, hama abamenyeshamakuru bakaboneraho gutahura. tubibutse ko abamenyeshamakuru bari bafashe ingingo yo kutazosubira kuvuza indirimbo ziwe, ariko iyo ngingo munyuma irafutwa.
Tukaba twabaronkeye amafoto yiyo shooting ya clip akaba ari aya
Ashley na Elly's boy kuva aho basohoreye indirimbo yabo bise Me love you.
ubu bivurwa yuko boba barashwanye.nkuko bamwe muncuti zabo za hafi zibivuga ngo, bashobora kuba barasshwanye bapfa amajambo Ashley yavuze mukiganiro yatanze kuri radio. aho ngo ashley yavuze ko
igice Elly's boy aririmba muri iyo ndirimbo Me love you ko ari ashley yakimwandikiye.
umwe muncuti za Elly's boy atashatse ko atangaza izina ryiwe avuga ko Elly's boy ariwe yacanditse kirya gitero ciwe ari naco gituma Elly's boy yahise ashavura. ubu rero ngo baracanako munzira ntawuramutsa uyundi.
kubwawe ubona ari ikintu kini cari gikwiye ko boshwana uko ?
aha ni ashley ariko aririmba
kumusi wibihembo vya Top ten music award iheruka kuba
abaririmvyi Big Fizzo na Jose chameleone wo muri ouganda, igihe final ya primusic ibaye, bahise bagenda guteramana nabandi bari basohotse mukazu kubuvyiniro ( boite de nuit ), inzu izwi kwizina Kiss club. kiss club ikaba ariyo yanasohoye amafoto yukuntu ico giteramo cagenze. no kumafoto biraboneka cane ko abantu bari bishimye cane, aho baririmvye hama munyuma bagafatana amafoto nabafana babo. raba amafoto hano
akaba ari umwe aboneka muri clip ndakumisinze ya big fariouz.
akaba kandi aboneka muma clip menshi yahano i bujumbura, uri umukuzi wa muzika ndundi, utegerezwa kuba umuzi.
raba amafoto