mardi 16 septembre 2014

Clip nshasha ya McMello

umuraperi Mcmello akorera umuziki muri amerika, twamuheruka kera ariko ubu hoho aje atavyorosha, nkuko abivuga ngo ariko arategura album nshasha, mumafoto na vidéo yukuntu shooting yiwe yari imeze, tukaba twabashije kubibaronkera, nkuko biboneka kumafoto iyi clip izoba imeze neza, abakobwa bakeye, eka hakaba haboneka umukobwa usanga ariko aramamaza ikinyamakuru cabarundi kizwi cane mubinyamakuru bipromotinga umuziki wabarundi.
kandi abo bakobwa bakunda cane umuziki wabarundi, kuburyo no muri shooting baguma bamamaza uburundi, baguma bavuga ngo i love you burundian music, namajambo menshi yinkora mutima kumuziki ndundi.
nimurabe amafoto hano



 

iyi vidéo rero ngo ishobora gusohoka vuba, mugume hafi kugira ntizobacike.
abakurikirana cane Burundi hit muzoyibona ubwambere
raba ukuntu vayri vyifashe

lundi 15 septembre 2014

Agatangaza Ashley aheruka gukora ( photo )

umuririmvyi ashley akaba aheruka gusohora ifoto yiwe yifotoye yerekana kagahuzu gafata amabere ( soutien-gorges)
raba ifoto

dimanche 14 septembre 2014

Chistopher na Sat B : kwoba ari ukwigana canke ?

unomunsi niho twariko turiko turumviriza indirimbo yumuririmvyi wumunyarwanda yitwa Christopher, indirimbo yiwe yitwa Agatima, hamwe nindirimbo ya Sat B na Adat , hama twumva akajambo gatangura ari kamwe muri izo ndirimbo zose. ako kajambo kakaba kaza indirimbo imaze nkama seconde nkane uko.
ako kajambo kakaba kavuga ngo :

'''''''eyeiéé '''''''

none burya abaririmvyi bashobora guhurira kutujambo mwenutwo ? ko tuzi umuziki ari akazi gakomeye bisaba kwiga guhogoza. zumvirize hano



indirimbo ya christopher
iya Sat B na Adat


jeudi 11 septembre 2014

mu buzima bwa big Fariouz, ikintu utari umuziko

big fariouz aheruka kwereka abakunzi biwe, irindi shusho ryahimbaye abantu,
ni aho aheruka gushira ahabona ifoto arikumwe nabana ba nyamwema, aho yandika avuga ngo,

''' nabo barashaka urukundo nukubaho kabandi, ngo babareke babeho nkabandi '''

ayo majambo akaba yakoze kumutima abafana ba Big fariouz, aho benshi bandika commentaire bavuga ko ubu barushirijeho gukunda big fariouz.
ifoto
ca wumviriza nidnirimbo nshasha aheruka gusohora


mercredi 10 septembre 2014

Hindura Official Clip Vidéo by Terry West ft Uncle Crazy

Bakunzi ba Burundi Hit, twabaronkeye clip yabaririmvyi bari basa nkabazimiye, twabaheruka kera, aho twovuga nka uncle crazy wewe twari tumuheruka kera cane, Terry west wewe hari haciye nkumwaka tutamubona mumuziki ndundi. 
uncle crazy wewe hari haheze nkimyaka ishika kuri nkine tutamubona. 
iyi rero ni clip yabo nshasha, ikaba inabonekamwo umurwi Indimu. nuwo murwi indimu ntukiboneka muri muzika ndundi. ariko turizera ko nka vuba bashobora kutuzanira bishasha nabo. iyi clip rero igihe Terry west yayidushikiriza akaba yavuze yuko yishimiye cane aya masanamu akaba ayituye abarundi nabarundikazi mwese.abakunzi biwe ngo mukomeze kumufata mumugongo. 

raba clip hano 

mardi 9 septembre 2014

clip nshasha ya big fariouz na Chany queen

Big fariouz ariko arakora clip yindirimbo yiwe yise whats my name yafashijwe na chany queen, iyo ndirimbo ikaba ari indirimbo yahatswe gukorera ibara fizzo, aho abantu benshi batatahuye ico yari yashatse kuvuga.
aho ninkaho yavuga ama radio menshi, ariko munyuma Big fariouz akisigura neza, hama abamenyeshamakuru bakaboneraho gutahura. tubibutse ko abamenyeshamakuru bari bafashe ingingo yo kutazosubira kuvuza indirimbo ziwe, ariko iyo ngingo munyuma irafutwa.
Tukaba twabaronkeye amafoto yiyo shooting ya clip akaba ari aya





vendredi 5 septembre 2014

Elly's Boy ubu yarashavuriye Ashley Girukwishaka

Ashley na Elly's boy kuva aho basohoreye indirimbo yabo bise Me love you.
ubu bivurwa yuko boba barashwanye.nkuko bamwe muncuti zabo za hafi zibivuga ngo, bashobora kuba barasshwanye bapfa amajambo Ashley yavuze mukiganiro yatanze kuri radio. aho ngo ashley yavuze ko
igice Elly's boy aririmba muri iyo ndirimbo Me love you ko ari ashley yakimwandikiye.
umwe muncuti za Elly's boy atashatse ko atangaza izina ryiwe avuga ko Elly's boy ariwe yacanditse kirya gitero ciwe ari naco gituma Elly's boy yahise ashavura. ubu rero ngo baracanako munzira ntawuramutsa uyundi.
kubwawe ubona ari ikintu kini cari gikwiye ko boshwana uko ?

                                                        aha ni ashley ariko aririmba
                                                        kumusi wibihembo vya Top ten music award iheruka kuba
                                                       Elly's Boy

iyi niyo ndirimbo bapfuye

mercredi 3 septembre 2014

Big fariouz na Jose chameleone bahise baja guteramisha abantu muri Kiss Club ( amafoto )

abaririmvyi Big Fizzo na Jose chameleone wo muri ouganda, igihe final ya primusic ibaye, bahise bagenda guteramana nabandi bari basohotse mukazu kubuvyiniro ( boite de nuit ), inzu izwi kwizina Kiss club. kiss club ikaba ariyo yanasohoye amafoto yukuntu ico giteramo cagenze. no kumafoto biraboneka cane ko abantu bari bishimye cane, aho baririmvye hama munyuma bagafatana amafoto nabafana babo. raba amafoto hano 










tukaba tutaramenya niba chameleone yaratahutse mugihugu ciwe camavuko.
ariko uko twabibonye, twarabonye ko yagize ibihe vyiza i Bujumbura. 

mardi 2 septembre 2014

changu ni changu Official clip vidéo by Matabaro ft R-flow

iyi ni clip vidéo nshasha basohoye abaririmvyi Matabaro na R-flow. ikaba ari clip yari irindiriwe cane nabatari bake, kubera mumezi ahera twari twabonye amafoto yiyi clip duca dutangura kugira umunoho wo kuyibona. amakuru twobaha iyo clip bakiyiduha, bakaba batubwiye ko bagumye bakomeye kandi iyo clip bayibatuye, bizere ko izobaryohera. muri clip naho mukaba mubonamwwo umwigeme yifata neza, eka yambaye neza. akaba yitwa Inès musabe akaba nawe yarashimye iyi clip ukuntu ikoze. ubu kandi amatwi adusumira ngo ashobora kuba ari mubu chinois niba atagarutse i bujumbura.


raba  clip hano 

lundi 1 septembre 2014

Divine ngendabanka yafotowe amafoto sexy yurukuruzi

Umwigeme wumukinyi ( actrice ) muma clip vidéo yabarundi azwi wkzina Divine, unomunsi niho yasohora amafoto ari mubwoko bwa rukuruzi , nkuko biboneka kuma foto ntiwomumenya utaravye neza ifoto.
ameze nkuwafatiriwe mugihe cimibonano.
kubantu boba bariko baribaza ati : uwo mukobwa ninde ? jewe ntawonzi.

akaba ari umwe aboneka muri clip ndakumisinze ya big fariouz.
akaba kandi aboneka muma clip menshi yahano i bujumbura, uri umukuzi wa muzika ndundi, utegerezwa kuba umuzi.
raba amafoto