mardi 24 mars 2015

Amafoto sexy mashasha ya Inès musabe

umwigeme Inès musabe asanzwe ari umukunzi wa patient matabaro, aherutse gusohora amafoto meza cane, sexy, amwe nabantu benshi bakunze cane. bamwe mubarundi bakaba baratwiganiye ko amafoto yiwe bayakunze kubera ntabwo ari yigiterasoni, namafoto numuntu wese yoyabona haba abamama canke absaza, boyakunda. nininyambaro ahubwo muzobona muri clip nshasha ya matabaro na R flow. raba amafoto 

ushobora kudukurikira kuri page facebook yacu hano Burundi-Hit/

jeudi 19 mars 2015

amafoto yo muri shooting yindirimbo Ntawukuruta ya Lady Grace

umuririmvyikazi mushasha Lady Grace. aho amaze gusohora indirimbo zibiri, imwe akaba yari yayikoze mumyaka ya kera nko muri za 2012, iyo ndirimbo ikaba yari yarakunzwe yari yayise  warihe. aho akaba yahise asa nuwuhagaritse umuziki. muri uyu mwaka wa 2015 niho tuje tumubona, tumubonana inguvu zidasanzwe, nawe aho yagiye abivuga ko umuziki agiye kuwuvyukira. abantu benshi bamukurikira kumbuga nkorana bumenyi, barabona ko ivyo avuga arivyo, igihe cose aba ariko aramamaza ibikorwa vyiwe. ubu rero akaba aheruka gusohora indirimbo yise Ntawukuruta. akaba yahise anayikorera amasanamu. vuba rero ayo masanamu murayabona.
raba hano uko vyari vyifashe.





umviriza hano iyo ndirimbo hano imbere yuko uzoyibona amasanamu

Inyamabro nziza cane nizo zirangwa mundirimbo hwatsapp ya matabaro na R flow.

abaririmvyi babiri aribo R flow na Patient matabaro, nyuma yaho baksohoreye indirimbo bakoranye yitwa changu ni changu ubu naho bagiye gusohora iyindi yitwa whatsapp. aho habontesemwo mwinyambaro zibereye ijisho. kandi muri iyo clip tuzobanamwo na Inès Musabe. raba amafoto hano




kurikirana page facebook yacu hano Burundi-Hit

lundi 16 mars 2015

Patient matabaro numukunzi wiwe ( amafoto sexy )

Umuririmvyi ageze ku rwego rushimishije mumuziki wiburundi ariwe Patient Matabaro , yigeze no gutwara irushanwa Primusic, akaduga cane mumuziki bimwe biteye igomwe, aho kuva aho ayitwariye yarakoze cane bimwe vyakarorero. aho yasohoye idnirimbo nyinshi cane kandi zagiye zikundwa, nkiyitwa feeling yakoranye na fizzo canke changu ni changu yakoranye na R flow, uwo muririmvyi rero akaba anaherutse kuronka umukunzi. nuwo mukunzi nawe twari tumumenyereye mumasanamu ndundi, ariko nawe ngo ubu yinjiye mumuziki. uwo mwigeme rero tukaba ari umurundikazi azwi wkizina Inès Musabe.  ubu  rero amafoto yabo basohoye ariko araca ibintu kuma site web ya hano i Bujumbura, akaba ari aya



raba imwe mundirimbo za patient matabaro, aho mubonamwe na Inès musabe