Abarundi turi mubantu batanguye umuziki kuva kera, ahubwo twovuga ko kuva aho uburundi bwikukiye harabonetse abaririmvyi benshi. twovuga nka, Afrika nova, canco hamiso, nabandi.
umviriza zimwe mu ndirimbo za kera hano
uyu Mugore ariko araririmba yitwa Goreth akaba aba muri Belgique,
Umuririmvyi wigihangange ariwe Big fariouz bikaba bivurwa yukwo agiye kuja mu gihugu gituranyi cu Rwanda. akaba azoba agiye guteramira abakunzi biwe baba mu Rwanda.nkuko rero tubikeshwa na site indundi.com yuko azogenda muri icogihugu gituranyi, aho ngo azoca avayo akoranye indirimbo numukobwa wumurundikazi nyene yitwa Alida. iyo ndirimbo bakaba baramaze no kuyitorera izina, ikaba izitwa THIS LOVE. iyo ndirimbo ikaba izokorwa numuhinyanyuzi windirimbo (Producteur) akomeye ngaho nyene mu gihugu cu rwanda yitwa pastor P kandi ninawe yakoze yandirimbo ya big fariouz na tom close wo mu Rwanda nyene. pastor p akaba nawe avuga ko yiteguriye gukora iyo ndirimbo, ko hari nubuhinga bukoimeye bazoshiramwo kandi izoba iri mu bwoko ngo bugezweho muri iki gihe. Alida nawe ati : ndishimye gose kubona tugiye gukorana indirimbo na fizzo kubera ndi numufana wiwe cane.
iyo ndirimbo rero tuyirindirane igishika.
Big fariouz
ALIDA, uyu niwe bagiye gukorana indirimbo
umviriza indirimbo Baza ya big fizzo na tom close hano uwayihinyanyuye ari nawe agiye kubakorera iyo THIS LOVE.
Chris D numuririmvyi wumurundi asanzwe akorera umuziki muri afrika yepfo, akaba aheruka i burundi aho yabiciye bigacika, aca anakora indirimbo arikumwe na Chanella. yirabe hano