samedi 26 octobre 2013

indirimbo nshasha ya Junior arikumwo na Solange na FIFI - K

Umuraperi Junior numusore wumurundi akorera umuziki muri belgique. uwo muraperi akaba ayatanguye umuziki kera nko mumyaka ya 2003 ariko aca yinjira muri studio muri 2006. nkuko twagabiriye kuri téléphone atubwira ibijanye numuziki wiwe, akaba yatubwiye ko muri iki gihe ariko arakorana nabandi baririmvyi batandukanye, baramutumira agakorana nabo ( featuring ) tukaba twamuvajije igituma afise afise naba fans benshi bamushigikira kurubuga rwiwe rwa facebook, akaba yatwishuye yuko ari kubera yatanguye umuziki kera, kandi aywutanguriye i Burundi yuko yagumanye contact zincuti ziwe ndetse naba fans biwe. niho twamubaza igituma indirimbo ziwe ari featuring atandirimbo ziwe wenyene akora. akaba yatwishuye yuko ivyo arivyo agiye gukora cane, kuko abantu benshi baramusaba gukora indirimbo wenyene.  turindire iyo ndirimbo wenyene rero, tuyirindirane igishika.

                                                 Junior
                                            50 D na Junior
                                         umviriza indirimbo aheruka gukorana nabaririmvyi babarundi bitwa Solange na FIFI - k

mercredi 23 octobre 2013

BURUNDI MUSIC NONSTOP

Muri Studio za Menya amakuru promoted, yaratoranyije indirimbo muzo ivuga kenshi, irazitoranya irazishira hamwo kugira namwe ibumvishe. muri iyo toptube harimwo indirimbo zubwoko bwa RNB, Hip hop, ikaba izohora irabigira kenshi cane, hari naho izokoranya indirimbo z'imana.
muzumvirize, nihagira izo mukunda ariko ukaba utashoboye kuyironka. wandike commentaire,wandike inimero yiyo ndirimbo, canke udusange kuri facebook wandike menya amakuru promoted. murakoze canke mubandanye kugira ibihe vyiza.

                                       yumvirize hano 

lundi 21 octobre 2013

Umviriza indirimbo za kera, zikwibutsa vyinshi mubuzima bwa kera

Abarundi turi mubantu batanguye umuziki kuva kera, ahubwo twovuga ko kuva aho uburundi bwikukiye harabonetse abaririmvyi benshi. twovuga nka, Afrika nova, canco hamiso, nabandi.

umviriza zimwe mu ndirimbo za kera hano




uyu Mugore ariko araririmba yitwa Goreth akaba aba muri Belgique, 
vuba muzobona amakuru yiwe hano
kuri menya amakuru promoted


samedi 19 octobre 2013

Indirimbo nshasha ya big fizzo arikumwe na Alida

Umuririmvyi wigihangange ariwe Big fariouz  bikaba bivurwa yukwo agiye kuja mu gihugu gituranyi cu Rwanda. akaba azoba agiye guteramira abakunzi biwe baba mu Rwanda.nkuko rero tubikeshwa na site indundi.com yuko azogenda muri icogihugu gituranyi, aho ngo azoca avayo akoranye indirimbo numukobwa wumurundikazi nyene yitwa Alida. iyo ndirimbo bakaba baramaze no kuyitorera izina, ikaba izitwa THIS LOVE. iyo ndirimbo ikaba izokorwa numuhinyanyuzi windirimbo (Producteur) akomeye ngaho nyene mu gihugu cu rwanda yitwa pastor P kandi ninawe yakoze yandirimbo ya big fariouz na tom close wo mu Rwanda nyene. pastor p akaba nawe avuga ko yiteguriye gukora iyo ndirimbo, ko hari nubuhinga bukoimeye bazoshiramwo kandi izoba iri mu bwoko ngo bugezweho muri iki gihe. Alida nawe ati : ndishimye gose kubona tugiye gukorana indirimbo na fizzo kubera ndi numufana wiwe cane.

iyo ndirimbo rero tuyirindirane igishika.

                                                      Big fariouz

          ALIDA, uyu niwe bagiye gukorana indirimbo


umviriza indirimbo Baza ya big fizzo na tom close hano uwayihinyanyuye ari nawe agiye kubakorera iyo THIS LOVE.



vendredi 18 octobre 2013

Amasanamu yindirimbo, nimedata na Overdo team

Chris D numuririmvyi wumurundi asanzwe akorera umuziki muri afrika yepfo, akaba aheruka i burundi aho yabiciye bigacika, aca anakora indirimbo arikumwe na Chanella. yirabe hano 


Umurwi Tuna Everdo nawo ukaba uheruka gusohora amasanamu yindirimbo Overdo team, iyo ndirimbo ikaba ari indirimbo yakunzwe cane hano i Burundi. yirabe hano 

mercredi 16 octobre 2013

indirimbo nshasha ya Mkomboz

Umuraperi Nzeyimana Thomas azwi kwizina Mkomboz yasohoye indirimbo nshasha yakorane numukobwa wumuririmvyikazi yitwa Ariane. Mkomboz rero akaba ari nawe aheruka no gutwara isanganiro award ya gatatu. uwo musore ari mubaririmvyi bakomeye bahano i burundi. muri iyo ndirimbo rero avugamwo amajambo akomeye.

yumvirize hano





                                           Mkomboz arikumwe na big fariouz



              Ariane kanyamuneza : niwe yakoranye iyo ndirimbo na Mkomboz