Umuririmvyi wigihangange ariwe Big fariouz bikaba bivurwa yukwo agiye kuja mu gihugu gituranyi cu Rwanda. akaba azoba agiye guteramira abakunzi biwe baba mu Rwanda.nkuko rero tubikeshwa na site indundi.com yuko azogenda muri icogihugu gituranyi, aho ngo azoca avayo akoranye indirimbo numukobwa wumurundikazi nyene yitwa Alida. iyo ndirimbo bakaba baramaze no kuyitorera izina, ikaba izitwa THIS LOVE. iyo ndirimbo ikaba izokorwa numuhinyanyuzi windirimbo (Producteur) akomeye ngaho nyene mu gihugu cu rwanda yitwa pastor P kandi ninawe yakoze yandirimbo ya big fariouz na tom close wo mu Rwanda nyene. pastor p akaba nawe avuga ko yiteguriye gukora iyo ndirimbo, ko hari nubuhinga bukoimeye bazoshiramwo kandi izoba iri mu bwoko ngo bugezweho muri iki gihe. Alida nawe ati : ndishimye gose kubona tugiye gukorana indirimbo na fizzo kubera ndi numufana wiwe cane.
iyo ndirimbo rero tuyirindirane igishika.
Big fariouz
ALIDA, uyu niwe bagiye gukorana indirimbo
umviriza indirimbo Baza ya big fizzo na tom close hano uwayihinyanyuye ari nawe agiye kubakorera iyo THIS LOVE.
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire
Ivyiyumviro vyanyu birakenewe