mardi 10 juin 2014

Aline Vyuka : abantu baragoye !!!!!!

Umuririmvyikazi Aline vyuka afatanijwe namwenewabo Diane melly angelo barateguye imfashanyo zo gufasha abana bimfumvyi i burundi, bakaba babifashijwemwo nabaririmvyi biburundi nka Elly's boy encle crazy nabandi. nkuko rero mwinosi utukora ikintu ngo gishimwe na bose, hari abagiye bamwandikira ngo ivyo bagize sivyiza, abandi nabo ngo wakoze ibintu vyiza cane. Aline nawe uko yabonye izo message ntizamushimishije yahisemwo kwandika kuri facebook message yagiye abona bamwandikira nibibazo bagiye bamubaza, akaba yanditse kuri facebook yiwe uku :

NDABASABE MWIGIRE MUSOME UBUBUTUMWA
Kuri paska hariho igikorwa cakorewe muri Bururi commune Rumonge aho abana bashika 100 bifuvyi igitigiri ntaco nzi neza bashoboye gufungurira hamwe bose kubimenyesha makuru hariho ivyandiko bivugako ico gikorwa cakonze na jewe ,na mwene wacu Diane Melly Angelo afashizwe na Elly's Boy Leonard , uncle Crazy hamwe nabandi batandukanye nanditse iyinkuru ngaha bivanye nama SMS dutumirwa muri inbox bamwe bavuga bati ntaco mwakoze kuko beshi ntabwo badunguye neza cane abandi nabo ati ntaco mwakoze kuko igiteramo abinjiye batanze amahera urwo ni urucuruza mwakoze abandi ngo mufise umutima mubi ntako mwafasha abana bari mwirerero hariho abafise abavyeyi bakwiye ariko bagowe gusumba , abandi nabo ngo ntakuntu mwari kuza muri Rumonge mugasubira inyuma mutabonanye nabagenzi
Nashaka ndababwize ukuri kuri ivyi bibazo vyose kabisa jewe na mwene wacu ntabwo twahashitse twarafashije kugirango abahashika bagire ico bashikiriza abo bana
2. Igiteramo abantu binjiye kumahera kuko ayo mahera yafashije abo bana nyene nta umuntu numwe yatwaye kumufuko amahera yatanzwe muri icogiteramo
3. Abo bavugako hari abana bagowe kandi bafise abavyeyi bose sindabihariye nabo ndazi barashaka ifashanyo ariko shaka ndakwibutse ko wopfuma ugorwa ufise abavyeyi hako wogorwa urabafise kanatsinda umugambi wari wo gufasha ifuvyi ntabwo wari wogufasha abana muri rusangi
4. Abo bavuga bati iyo mupfuma mureka kuko ntabwo ifungurwa zari zitetse neza canke ntabwo zari zikwiye muri make aho twagejeje kabisa niho natwe twashoboye gushima kuko intango iragoye kandi udashobora gutanga duke vyishi ntavyo wotanga
Dutanguye gushima kwanza kuri SMS mwagiye musutumira kuko zatumye twiyumvira kandi twahakuye ubwenge abantu baragoye cane kuko ntabwo bose bashobora gushima ico ukoze harimwo ababigaya naba bishima ariko vyose dushima Imana kuri kira kintu
Bakunzi banje, cuti zanje eka naba funs banje ndashima kiri comment mumpa kuko zugurura umutwe mwamye uko ico mugaye mukivuge ico mushimye mukivuge kuko nta nyambo ibura agasebwa muri make uko vyagenze gose dushima Imana kandi tugasaba Imana kitwongera imisi kugirango tugume tubandanya ico gikorwa murakoze. 


uyu ni aline vyuka na Diane melly angelo aribo babiteguye.

Raba indirimbo Aline Vyuka aheruka gusohora 
https://www.youtube.com/watch?v=7NYQxcjgEwU

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire

Ivyiyumviro vyanyu birakenewe