Umuririmvyi Sat B akunzwe cane muri iki gihe. nkuko vyabonetse mumuziki ndundi ukutumvikana nabastar, mbere bamwe bagafatana mumipira, aho twovuga nkaho humvikanye ukuntumvikana kwabamwe mubastar nka lolilo, big fizzo, patient matabaro, na Sat b nabandi benshi. kandi tubibutse ko Sat B yanakubitanye na Patient matabaro. ariko tukaba tutabashije kumenya ico bapfuye ariko abantu baravyiketse ko bapfuye kutumvikana kubera indirimbo bagenda bishuranamwo mumajambo yo gutyozanya. ubu Sat B yatangarije abafana biwe kuri facebook, yuko kutumvikana atakamaro karimwo ko atanyungu aho yandika itangazo avuga yuko umuririmvyi wese yoba yagiranye ikibazo na Sat B yuko amusavye imbabazi aho akavuga ngo Lolilo, big farious na Patient matabaro. iryo tangazo rikaba ryashimwe nabatari bake. aho vyaciye biryohera abakunzi bumuziki wiwe.
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire
Ivyiyumviro vyanyu birakenewe