Umukobwa Vera Sidika aba muri Kenya, kuva kera yamye yishakira kuba umustar ariko abicishije mukwifatira amafoto.
aho ngo mumwaka wa 2009 yagiye gutembera ahantu mumazu afata amafoto ( studio photo ) uwo mukobwa yarikumwe nincuti yiwe, bashitse aho hantu, nyene iyonzu ifatirwamwo amafoto, aramufotora ifoto imwe, aramubwira ngo uri mwiza warukwiye kuzoza urafata amafoto ukaza hari igihe ushobora gusanga nkima ibishatse ugasanga urahamagawe nkahantu kuza uraserukira ibicuruzwa. uwo mukobwa ariko akavyanka ngo muhira ntibomwemerera, munyuma yabajije mama wiwe, Nyina wiwe aramubwira ngo, mwananje wewe niba ubikunda genda ufate ayo mafoto ngo jewe gusa nshaa ukore ikintu ukunda gituma wishima, gusa kubwanje ico noguhanura nugucunga neza, kubera abisi baragoye, mugihe nzokubona unezerewe nico nkenerwa kuri wewe.
Umukobwa niho yatangura afata amafoto, benshi barageze aho bamwita ngo nindaya ariko abamwita ko ari indaya bose yaratwenga agaca abereka umukunzi wiwe, umukunzi wiwe nawe gufata amafoto ntaco vyari bimutwaye kubera umukobwa wasanga barikumwe nuwo mukunzi wiwe. muri make umuhungu ntabwo yari kuvuga ko amuvanga kubera nokuja guafata amafoto hari igihe yamuherekeza, atamuhereje, akazi karangiye yarataha atakibazo bari bafise ukwizerana.
munyuma niho rero kubera amafoto yiwe yagiye abona umuntu yamwandikiye muri email ngo ushobora kuduha numero yawe, umukobwa arazirungikira ahamagarwa na Akon, vyaramushimishije cane, arabaza ngo akon ngo nigute munzi ? akon yishura ngo kuma nikubera uzwi amafoto yawe yavuzwe cane gushika naho binshikako, ndakuraba menya nigihugu ubamwo, nkaba nipfuza ko twokorana, ngo kandi ntuhave wibaza ko ari ububeshi. ubu ngo umukobwa yagiye kuba hanze numukunzi wiwe, Akon ngo yabaguriye inzu babamwo uwo mukobwa nawe aserukira impuzu zindandazwa, akazamamaza. muma télévision niwe usanga yamamaza impuzu vyose.
iyo niyo nkuru twumvise muri Kenya ncuti zacu.
umukobwa akaba ngo aruyu
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire
Ivyiyumviro vyanyu birakenewe