mercredi 4 juin 2014

Umuririmvyikazi Kenza farah na Lil mafia umunyonzi

Umuraperi wumurundi aba muri Belgique azwi kwizina rya Lil mafia umunyonzi yamenyekanye cane muri ico gihugu mundirimbo ziwe nka Ubuzima, wigize igiko uwo mujama nizindi. uwo musore rero akaba ashima cane ukuntu umuziki wiwe wifashe, yuko abona ibikorwa vyiwe abantu bagiye baravyumva ko bagiye babishima. aho twovuga nkaho yatsinze mwihiganwa ryari ryateguwe na diaspora yabarundi baba ngaho nyene, hama indirimbo yiwe uwo mujama igatsinda mubaririmvyi bashika umunani. ico gihe nawe vyaramushimishije naho ivyo yatsindiye ataronse vyose ariko yatsindiye gukorera indirimbo muri studio ikomeye ikoreramwo umuhinyanyuzi yitwa Jérémie benshi bazi mumuziki wa kera atarava mu Burundi. lil mafia rero tukaba twarashoboye kuronka indirimbo yiwe yatsindiriye aho wumva vyukuri ko ari indirimbo itanga ubutumwa.iyo ndirimbo yatsindiye ikaba yitwa mana yuburundi.yumvirize hano https://www.youtube.com/watch?v=E5C97p2qgRs, igihe twaganira twamubajije niba ivyo yatangaje kurubuga rwiwe rwa facebook niba arivyo ko yoba agiye gukora clip nshasha yuma yaho asohoreye clip yindirimbo yiwe yise ubwambere. akaba yatwishuye ko ubu yamaze kubona uwuzokora clip kandi yuko clip
ashaka ko izosohoka ishimisha abantu benshi.tumubajije igihe azozira i burundi, akatwishura ngo i burundi nzoza ariko ntabwo aratora umunsi kubera ngo hari ibintu ariko ariga bituma aba occupé cane, ariko ngo naho ari muri ico gihugu numubiri uri hanze gusa nayo ngo umutima uri i Burundi.
tukaba twanaboneyeho akanya ko kumubaza ukuntu yahuye numuririmvyi akomeye kwisi yose ariw Kenza farah wumufaransakazi avuga mu gihugu ca Algeria, akaba yatwishuye yuko bahuriye muntara lilmafia abamwo, yari yaje kuramutsa abafana. baganira niba bokorana indirimbo amubwira ko umwanya afise muri Belgique ari muto cane, ariko ngo lilmafia yaciye amusigarana amazina yindirimbo ziwe ngo aze kuziraba.

                                 Kenza farah na Lilmafia umunyonzi
                                      Lilmafia umunyonzi
     ushobora kudukurikirana kuri facebook ya Burundi Hit hano
https://www.facebook.com/pages/Burundi-Hit/1432530340294459?fref=ts

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire

Ivyiyumviro vyanyu birakenewe