mercredi 28 octobre 2015

Umuririmvyi Dany Bigirimana ivyo yavuze kuri Ashley Diva !!! waouh ( inkuru + amafoto hano )

Umuririmvyi Dany , yamenyekanye kundirimbo mapenzi, nizindi, harimwo niyo yakoranye na Mkomboz,Dany rero yakunzwe cane kubuhinga afise mu kuririmba,
Dany rero akaba yaraseruye ikiri kumutima mugukesha umuririmvyikazi Ashley diva.
aho ngo ashima ivyo yamufashije, akaba yahise avuga no kuri couple yiwe, ngo badahava bibaza ngo nugushaka kuresha Ashley Diva.

aya akaba ariyo majambo yavuze kuri facebook yiwe.




       



raba imwe mundirimbo za Dany Bigirimana


jeudi 22 octobre 2015

Umuraperikazi wumunyarwanda yifotoje yambaye ubusa. ( amafoto )

Umuraperikazi wumunyarwanda azwi kwizina rya Fealess, yamenyekanye cane muri ico gihugu kubera imyambarire yiwe, muri iyi misi niho ikinyamakuru co ngaho nyene mu Rwanda, gikoershwa numusore bita Kalisa John, ico kinyamakuru cashize hanze ayo mafoto.
uwo mwigeme rero fealess akaba ari mubakobwa batangiye baja muma clip yabastar munyuma nawe agaca atangura akazi ko kuza arikorera indirimbo ziwe. akaba ari numukobwa yavuzwe kwinkuru zikomeye ngaho mugihugu cu Rwanda, aho vyavuzwe yuko yanasambaniye muri studio yitwa Ibisumizi yumuraperi azwi wkizina rya Riderman. ngo bakaba bansamanye numu producer yitwa T bwon, munyuma uwo T bwon aca arirukanwa muri iyo nzu, uwo mwigeme rero fealess akaba azwi cane mu Rwanda muri za show bizz ntagihe atavurwa.
ayo niyo mafoto yuwo muraperikazi





Raba imwe muma clip yiwe hano

vendredi 25 septembre 2015

Umukobwa aheruka kuboneka muri clip nshasha ya Akes, yifotoje yambaye ubusa ( amafoto )

umuririmvyi ariko araduga bukebuke mumuziki ndundi, azwi wkizina rya Akes, aheruka gusohora clip yabonetsemwo umukobwa atamenyerewe cane muma clip yabarundi. uwo mukobwa nawe akaba yifotoza amafoto ya danger. akaba aje akurikira, Ashley diva, Nihanna, Divine ngendabanka na Inès Musabe, abo nibo bakobwa bagiye bavurwako mukwifotoza amafoto yurukuruzi.
uyu mwigeme rero ntabwo turamenya neza ubuzima bwiwe, nkuko Burundi hit ikora, izokwama itohoza, mumisi yavuba tuzobabwira ubuzima bwuyo mukobwa, ico akora mubuzima, aho aba , nibindi vyishi, mugume hafi, amakuru yutuntu nutundi mubastar nihano kuri burundihits.blogspot.be

raba amwe mumafoto yiwe yifotoje, muce muraba na clip vidéo hasi yaya mafoto



raba clip vidéo hano

samedi 19 septembre 2015

ubucuti bwa Sat B na Nizzo wo Mu rwanda burarenze, soma inkuru hano

Umuririmvyi Sat b yamenyekanye cane mundirimbo nyinshi, nka passion, ikosa, nizindi nyinshi cane, uyu muririmvyi rero nkuko tubizi arakunzwe cane mumuziki wiburundi.uyu muririmvyi eka ntiyakunzwe i burundi gusa, kubera nigihugu u Rwanda, rwagiye ruronka indirimbo ziwe bakaza barazikinisha kumaradio yongaho mugihugu nuko abandanya akundwa uko. Ukurikiranye iduga rya Sat B mumuziki, urabona ko ari umuririmvyi akora, kubera nawe yatanguriye hasi cane, aririmbira abana bomwibarabara, nuko aca akunda kurushirizaho, mundirimbo za kera agitangura hari nkiyitwa inkuru yukuri. Amajambo yiwe kandi arakora kumutima abarundi batari bake. nuko Sat B araduga. akimenyekana mu rwanda rero, aban,yarwanda benshi baramukunda bakipfuza no kumubona imbona nkubone, aho nabaririmvyo bo mu Rwanda badatevye gukorana indirimbo na Sat B, nkaho Sat B yagiye akorana indirimbo na Tom close, encle Autin,umurwi Urban boyz, nabandi. mumyaka yaheze rero niho umurwi urban boyz wagiye mu burundi uca ubonana  na Sat B, baca bakorana indirimbo bise Urankirigita, basiga bakoreye nigiteramo i Bujumbura. uwo murwi urban boyz eka watashe iwabo i kigali unezerewe nokubonana na Sat B, niho rero kuva aho Bujumbura igiriye Ingorane za politique, Sat B aca ahungira mu Rwanda, aho naho rero Sat B yahawe ikaze ikomeye.
nuko acagirana ubucuti bukomeye numusore Nizzo wo muri urban Boyz, bakamutembereza hose i Kigali, baca banakora aamshusho yindirimbo zose bakoranye. ahubwo gutandukana bikaba bishobora kuzobagora mugihe Sat b azoba asubiye i burundi, hakaba hari ninkuru yavuga yuko bashobora kuba bagira bagire umurwi, ariko ntibavyemeze kubera Nizzo asanzwe ari mu murwi urban boyz.
ubucuti bwa Nizzo na sat b rero abantu baravuga ngo yuko ari kubera Nizzo amuzi kuva agitangura kuririmba, ngo akaba kandi azi ukuntu yagiye aduga mumuziki, aca abona ko ari umuririmvyi akora kand akundana, kandi yitaho kubantu ba ntahonikora.

sat b rero na nizzo bakaba baheruka gusohora clip yindirimbo yabo bise, génération moto moto
murayisanga hepfo yayamafoto yabo,




raba iyo clip hano

jeudi 3 septembre 2015

Amafoto sexy mashasha yumuririmvyikazi Nihanna

Umwigeme wumuririmvyikazi aje vuba mumuziki, aho atarabasha kuduga nkabandi, aho amaze gukora indirimbo zibiri, ariko akaba ata clip arakora. clip twari tuyiteze vuba ariko hakaba ngo haragiyemwo utubazo hagatti yiwe nuwo bayikoranye ariwe Matabaro. ariko turacahanze amaso bishasha biva iwe, muri iki gihe rero akaba atabarizwa i buja, ejo niho yasohoye amafoto sexy, nkuko vyama, uyu mwigeme ninako yifatira amafoto , ntagitangaje kirimwo, ninkacokimwe nabariya abstar bo hanze. 
amafoto akaba araya 





umviriza  imwe mundirimbo ziwe 
mushobora kudukurikira kuri facebook hano Burundi-Hit

mardi 1 septembre 2015

ifoto ya R flow yasarishije abarundikazi muri iyi minsi / sexy /

umuririmvyi R flow yamenyekanye cane mundirimbo sheba, changu ni changu, nzizindi nyinshi,
kandi akaba asanzwe akunzwe nabakobwa ebnshi cane, uyo musore muri iki gihe asanzwe abarizwa mu gihugu cu rwanda, kuva aho bujumbura igiriye ingorane zumutekano.
r flow rero muri iyi misi niho yashize ifoto yiwe nshasha kuri facebook, abakobwa benshi bakaba baciye bamukunda kurusha, aho nabastarkazi benshi batatanzwe mukuvuga ikiri kumutima. bamubwira ati ari na swagga,

kandi amakuru adusumira ngo hari indirimbo ariko arakora vuba izodushikira.


                                      iyi niyo foto yasarishije abakobwa muri iki gihe, namwe mubona atari sexy ?

mercredi 26 août 2015

Black Artur yafotowe ryamye muburiri bumwe na Ashley Diva ( amafoto )

Bakunzi ba Burundi Hit tubanje kubaramutsa.

Umusore muzi yahora ahinyanyura ama clip vidéo yitwa Black Artur yakora munzu yiwe nyene yitwa Akaga Vidéo. uwo musore muri iki gihe akaba abarizwa muri kenya, ari naho ariko arakorera ibikorwa vyiwe, Black artur rero ngo akaba aheruka kwinjira no mumuziki.
Ubu rero bakaba bahuriye muri kenya numuririmvyikazi akomeye mu burundi ariwe Ashley Diva.
bakaba ngo bariko barakorana indirimbo ndetse namasanamu yayo ngo vuba aradushikira.
nkuko rero tuba turiko turihweza ibica hirya no hino, niho twaza tubona imwe muma page facebook yamamaza umuziki ndundi ariyo Kin home showbizz, isohoye ifoto Ashley na Black artur baryamanye, iyo page yoyo ivuga yuko Black Artur bahuriye kenya, haheze imisi aratéléfona Ashley diva ngo amusange kuri hotel, nuko Ashley aragenda ngo ivyakurikiye ngo nivyo mubona, ariko abandi bakavuga ko ari ifoto ya clip yabo iri mugusohoka.
ariko nokubwa Burundi hit turavyemera ko ari ifoto ya clip yabo iri mugusohoka,

amafoto nayo


lundi 24 août 2015

Ukuntu vyari bimeze muri tournage vidéo yindirimbo Don't wake me up ya Chris brown.

Bakunzi ba Burundi Hit tunabanje no kubaramutsa, unomusi twasimbiye hakurya yamazi, gushika Amerika, kuba tugiye kubereka ivyo hakurya yamazi nikugira nabarundi benshi ababshe kumenya ubuhinga bwo hakurya yamazi, kutyo bagshobora no gushika iwacu, kubera ntitwoguma iwacu gusa, ariko hano tuzoza turahacisha ubuhinga gusa bwo hanze, aho rero hari nkama clip
canke ama film dukunda kubona yohanze, kenshi muri Amerika za Europe nahandi, tukabona imiduga iriko irasha, tukabona nkigikoko kiriye umuntu, ivyo hari abantu bitera ubwoba kubera aba abona ko mengo yagize iryo sanganya, nko kugonga nibindi nibindi, muri ubwo buhinga.
mubantu bakora ubwo buhinga, baravuga bati : iyo dukoze mwenubwo buhinga turagerageza kuburyo abantu bashobora kubona ko bishoboka kandi bidashoboka. nko kugana nimodoka, vyoshoboka ariko barabikora bikaba ibinyoma kubera munyuma umukinyi baramukwereka ko akiri muzima. nuko nuko rero, aha tukaba twashoboye kubaronkera imwe mundirimbo yakunzwe cane ya clip brown, nayo irimwo ubuhinga, naho batashoboye kutwereka vidéo imara iminota myishi ariko naho ari gato karamaze, ahantu twipfuza ko woraba ni nkahantu aba aryamye kugitanda
bindi turabaretse mwihere ijisho. Vidéo iri hasi yayamafoto


Raba vidéo hano
hama uce uraba clip yamaze kwuzura

dimanche 23 août 2015

Amafoto mashasha ya Ashley Diva ariko arasaza abasore kubera amabere yiwe aboneka ( amafoto )

Umuririmvyikazi Ashley Diva, numuririmvyi yamenyekanye mu gihe dito, kubera
uubiri mwiza afise no kuba aririmba neza, afise ijwi benshi bakunze. Ashley Diva rero mumafoto yagiye yifotoza abantu bagiye bamumenya cane, aho yashobora gufata amafoto sexy, kubwivyo rero abantu bagaca baturumbukirwa nayo mafoto bagaca bayahererekana kumbuga za internet nka facebook, twitter, insgram, hwatsapp, aho wasanga nkimisore bakoze groupe ya hwatsapp, ugasanga habonetsemwo mwumuntu ngo ngira ndabereke umukobwa wa danger ( akeye ) gutyo gutyo abandanya amenyekana. Ashley Diva kandi ntiyabihagaritse, ari nayo nyifato yabastar kenshi kwisi yose. akaba rero aheruka kwongera kwifotoza amafoto, ayo mafoto yoyo, arambaye impuzu ariko yambaye akantu kabonerana cane, kuburyo atakantu wambariyeko ari nkaho uba uhenye neza.
ayo mafoto rero niho yayasohora imisore myishi irwa mugahundwe, nkuko muza kubibona kumafoto, murabona ko ari danger.mubisanzwe abakobwa iyo bambaye bashira akantu imbere gafata amabere, ariko bita mugifaransa ( soutien-gorge ) ariko wewe ayo mafoto yayafashe atao yambaye,

amafoto





raba imwe muma clip yiwe

jeudi 20 août 2015

Wari uzi ko Kigingi kera yari Umuririmvyi ? ( Inkuru + Vidéo )

Umugabo mu gutwenza ari mubastar batwenza bambere i burundi, uwo nawe suwundi ni Kigingi.
Kigingi rero akazi ko gutwenza abantu akaba agatanguye vuba, ntamyaka nkine amaze agakora.
Kigingi rero akaba nubu ageze kuntamwe imushimisha, aho asigaye atumirwa nomubihugu vyo hanze.
aho twovuga nkaho aheruka mu Rwanda aho yari yagiye gukorana ico giteramo nabandi bastar batwenza bo mu Rwanda no aho hari haje nuyundi mwigeme yitwa Anne kansime.
ariko rero nkuko Burundi hit yama itohoza cane mubastar bahano buja, twasanze Kigingi yahora ari umuririmvyi mumyaka ya kera muri za 2008 kugenda. Kigingi rero iyo ariko arateramira abantu, hama akigana indirimbo wokwibaza ntazi kuririmba, ariko nyene niko kazi kabantu batwenza baragerageza bakaririmba binyuranye niyizwi kugira abantu batwenge.
aho rero akaba yahora aririmba muri chorale Saint dominique Bujumbura.


Kigingi

   Kigingi akaba yaciye gukundwa cane cane nabarundikazi, kubera akunda kuvuga abarundikazi.

                       aha Kigingi yari yahuriye na Anne Kansime wumugande mu Rwanda.
Raba Kigingi ariko araririmba muri Chorale Saint Dominique
       imwe muma vidéo ariko aratwenza

lundi 17 août 2015

Clip nshasha ya Sat B na Nizzo wo Mumurwi Urban boyz wo mu Rwanda.

Umuririmvyi Sat B muri iki gihe abarizwa mu gihugu cu Rwanda. akaba agiyiyo nyuma yaho bujumbura igiriye ibibazo. nkuko twakomeje kuguma tumukurikira mubikorwa vyiwe akora, aho ari mu Rwanda akaba yahasanze umuvandimwe akomeye, bakaba bagendana hose, uwo nawe suwundi numusore yitwa Nizzo abarizwa mumurwi ukomeye ngaho nyene mu Rwanda uzwi wkizina rya Urban boyz. nkuko Sat B rero bizwi mu Rwanda asanzwe yubahwa cane kubera indirimbo nyinshi zagiye zimenyekana no mu Rwanda. aho twovuga nkindirimbo Satura amabafle, canke passion yasohoye mu myaka yahera,  muri iki gihe rero Sat B na nizzo bakaba bariko barakora clip yindirimbo Génération moto moto, iyo ndirimbo biraboneka ko izoba ikoranye ubuhanga, nkuko bimenyerewe, clip ikaba iriko irahinyanyurwa na kent-P tumenyereye hano i bujumbura, kubera bagiye bajanye.
uravye amashusho yiyo ndirimbo biraboneka ko clip ishobora kuzoba ikaze cane aho tubonamwo abavyinyi benshi nko mundirimbo Satura amabafle.
ihere ijisho mumuafoto yaranze iyo tournage ya clip











jeudi 23 avril 2015

Mkomboz ati : nubwambere bimbayeko kuva nkitangura umuziki ( inkuru )

Umuraperi Thomas Nzeyimana, azwi kwizina rya Mkomboz. kuri ubu ngo nivyishimo vyinshi kubera indirimbo aheruka gusohora yise Papa Nzeyimana. ati kuberiki rero ?

Nkuko tuzi Umuraperi Nzeyimana asohora indirimbo zubutumwa gusa, ntaza ndagukunda cherie yigera akora. niyo azikoze ntiziba ari iziwe, ziba ari izo yakoranye nabaririmvyi bakunda kuririmba izurukundo. kuri facebook yiwe yatangaje ko kuva agitangura umuziki nubwambere abona abantu bamuhamagara amarira abuzuye abandi bamushimira bimwe bikomeye kubera indirimbo Papa Nzeyimana aheruka gusohora. hakaba ninkuru duheruka gusoma kuma web yahano i Bujumbura yuko. mkomboz iyo ari hanze, yari yiyicariye ahantu ariko arumviriza iyo ndirimbo yiwe nyene Papa Nzeyimana. aza abona umuzungu aje aho yicaye ati : ndakunda indirimbo yawe cane, yatumye ndira. mkomboz nawe ati ; none ko indirimbo iri mukirundi woba watahuye ivyo navuze. wamuzungu ati : oya ariko nahise numva ko ari indirimbo ihanura, kandi numvise binshitse mumutima uko.
Mkomboz rero niho yaciye amusigurira indirimbo, uwo muzungu rero indirimbo ubu arayikunda bimwe bikomeye akaba nubu ngo azoca ayisubiramwo mugifaransa.

iyo ndirimbo rero niyasohoka bakunzi aa burundi hit hano ntizohabura, mugume hafi gusa.

aha niho mkomboz yashiraho iryo tangazo



                                         aha akaba yari i Rutana ariko araramutsa urwaruka rwari rwaje
                                         kumuraba.



 Abantu boba batarumviriza iyo ndirimbo Papa Nzeyimana mushobora kuyumviriza
hano