lundi 17 août 2015

Clip nshasha ya Sat B na Nizzo wo Mumurwi Urban boyz wo mu Rwanda.

Umuririmvyi Sat B muri iki gihe abarizwa mu gihugu cu Rwanda. akaba agiyiyo nyuma yaho bujumbura igiriye ibibazo. nkuko twakomeje kuguma tumukurikira mubikorwa vyiwe akora, aho ari mu Rwanda akaba yahasanze umuvandimwe akomeye, bakaba bagendana hose, uwo nawe suwundi numusore yitwa Nizzo abarizwa mumurwi ukomeye ngaho nyene mu Rwanda uzwi wkizina rya Urban boyz. nkuko Sat B rero bizwi mu Rwanda asanzwe yubahwa cane kubera indirimbo nyinshi zagiye zimenyekana no mu Rwanda. aho twovuga nkindirimbo Satura amabafle, canke passion yasohoye mu myaka yahera,  muri iki gihe rero Sat B na nizzo bakaba bariko barakora clip yindirimbo Génération moto moto, iyo ndirimbo biraboneka ko izoba ikoranye ubuhanga, nkuko bimenyerewe, clip ikaba iriko irahinyanyurwa na kent-P tumenyereye hano i bujumbura, kubera bagiye bajanye.
uravye amashusho yiyo ndirimbo biraboneka ko clip ishobora kuzoba ikaze cane aho tubonamwo abavyinyi benshi nko mundirimbo Satura amabafle.
ihere ijisho mumuafoto yaranze iyo tournage ya clip











1 commentaire:

Ivyiyumviro vyanyu birakenewe