Nkuko tuzi Umuraperi Nzeyimana asohora indirimbo zubutumwa gusa, ntaza ndagukunda cherie yigera akora. niyo azikoze ntiziba ari iziwe, ziba ari izo yakoranye nabaririmvyi bakunda kuririmba izurukundo. kuri facebook yiwe yatangaje ko kuva agitangura umuziki nubwambere abona abantu bamuhamagara amarira abuzuye abandi bamushimira bimwe bikomeye kubera indirimbo Papa Nzeyimana aheruka gusohora. hakaba ninkuru duheruka gusoma kuma web yahano i Bujumbura yuko. mkomboz iyo ari hanze, yari yiyicariye ahantu ariko arumviriza iyo ndirimbo yiwe nyene Papa Nzeyimana. aza abona umuzungu aje aho yicaye ati : ndakunda indirimbo yawe cane, yatumye ndira. mkomboz nawe ati ; none ko indirimbo iri mukirundi woba watahuye ivyo navuze. wamuzungu ati : oya ariko nahise numva ko ari indirimbo ihanura, kandi numvise binshitse mumutima uko.
Mkomboz rero niho yaciye amusigurira indirimbo, uwo muzungu rero indirimbo ubu arayikunda bimwe bikomeye akaba nubu ngo azoca ayisubiramwo mugifaransa.
iyo ndirimbo rero niyasohoka bakunzi aa burundi hit hano ntizohabura, mugume hafi gusa.
aha niho mkomboz yashiraho iryo tangazo
aha akaba yari i Rutana ariko araramutsa urwaruka rwari rwaje
kumuraba.
Abantu boba batarumviriza iyo ndirimbo Papa Nzeyimana mushobora kuyumviriza
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire
Ivyiyumviro vyanyu birakenewe