Umuraperi Thomas Nzeyimaba azwi kwizina rya Mkomboz mumuziki, uyu muraperi rero akaba ari umutanga butumwa akomeye, ninavyo biranga umuririmvyi, umuririmvyi azi neza akazi kiwe ico gasigura, umuririmvyi numutanga butumwa. Mkomboz rero numuraperi yamye atanga ubutumwa mundirimbo ziwe zose. mumpera zuyu mwaka wa 2014 niho yasohoye indirimbo yise Nzeyimana, ubutumwa buyirimwo rero bukaba bwarakoze kubantu bamwe bamwe, baca batangura kumuhungabaniriza umutekano. igitangaje rero ari nako yavuze muri interview yahaye site web ikorera hano i Bujumbura izwi kwizina ikirere.com. mkomboz yavuze ati : indirimbo yanje niba ubona hari ico navuze nabi, canke nabesheye umuntu, urampamagara tukaja mubutungane, tukaburana hama nsinzwe nkariha amande, pana guca uza kundondera mwijoro, ico gihe mkomboz kubera ubuzima bwiwe bwari bugeramiwe, yaciye ahunga igihugu, aho twumvise ko yari ageze muri amerika, nubu rero akaba ngo ari mu buhungiro. abafana benshi cane baciye bibaza ati ko ahatswe turibaza ko atazosubira gutanga ubutumwa bomeye kandi tuzoba duhomvye. niho rero ejo mkomboz yakoze kumutima wabarundi bose, aca asohora indirimbo nshasha yise Papa Nzeyimana.
iyo ndirimbo nayo nene ifise ubumwa bukomeye, ubutumwa kandi bukaba buraba umuntu yipfuza gutwara Uburundi. hari nkaho avuga ati :
ntuzobuze umurundi agiye mwibarabara yerekana umubabaro wiwe, kubera bizogufasha.
ntuzobuze kuvuga amabi akogwa, uzotubuza kuyavuga ariko ntuzotubuza kuyabona ''
nubundi butumwa bwinshi.
aya namafoto ya mkomboz yafashwe mubugeni bwumumenyeshamakuru wa radio isanganiro Christian Nsavye
Umviriza iyo ndirimbo yiwe nshasha yise Papa Nzeyimana
Mushobora kudukurikira kuri page yacu.
/Burundi-Hit/
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire
Ivyiyumviro vyanyu birakenewe