samedi 19 septembre 2015

ubucuti bwa Sat B na Nizzo wo Mu rwanda burarenze, soma inkuru hano

Umuririmvyi Sat b yamenyekanye cane mundirimbo nyinshi, nka passion, ikosa, nizindi nyinshi cane, uyu muririmvyi rero nkuko tubizi arakunzwe cane mumuziki wiburundi.uyu muririmvyi eka ntiyakunzwe i burundi gusa, kubera nigihugu u Rwanda, rwagiye ruronka indirimbo ziwe bakaza barazikinisha kumaradio yongaho mugihugu nuko abandanya akundwa uko. Ukurikiranye iduga rya Sat B mumuziki, urabona ko ari umuririmvyi akora, kubera nawe yatanguriye hasi cane, aririmbira abana bomwibarabara, nuko aca akunda kurushirizaho, mundirimbo za kera agitangura hari nkiyitwa inkuru yukuri. Amajambo yiwe kandi arakora kumutima abarundi batari bake. nuko Sat B araduga. akimenyekana mu rwanda rero, aban,yarwanda benshi baramukunda bakipfuza no kumubona imbona nkubone, aho nabaririmvyo bo mu Rwanda badatevye gukorana indirimbo na Sat B, nkaho Sat B yagiye akorana indirimbo na Tom close, encle Autin,umurwi Urban boyz, nabandi. mumyaka yaheze rero niho umurwi urban boyz wagiye mu burundi uca ubonana  na Sat B, baca bakorana indirimbo bise Urankirigita, basiga bakoreye nigiteramo i Bujumbura. uwo murwi urban boyz eka watashe iwabo i kigali unezerewe nokubonana na Sat B, niho rero kuva aho Bujumbura igiriye Ingorane za politique, Sat B aca ahungira mu Rwanda, aho naho rero Sat B yahawe ikaze ikomeye.
nuko acagirana ubucuti bukomeye numusore Nizzo wo muri urban Boyz, bakamutembereza hose i Kigali, baca banakora aamshusho yindirimbo zose bakoranye. ahubwo gutandukana bikaba bishobora kuzobagora mugihe Sat b azoba asubiye i burundi, hakaba hari ninkuru yavuga yuko bashobora kuba bagira bagire umurwi, ariko ntibavyemeze kubera Nizzo asanzwe ari mu murwi urban boyz.
ubucuti bwa Nizzo na sat b rero abantu baravuga ngo yuko ari kubera Nizzo amuzi kuva agitangura kuririmba, ngo akaba kandi azi ukuntu yagiye aduga mumuziki, aca abona ko ari umuririmvyi akora kand akundana, kandi yitaho kubantu ba ntahonikora.

sat b rero na nizzo bakaba baheruka gusohora clip yindirimbo yabo bise, génération moto moto
murayisanga hepfo yayamafoto yabo,




raba iyo clip hano

1 commentaire:

Ivyiyumviro vyanyu birakenewe