jeudi 23 avril 2015

Mkomboz ati : nubwambere bimbayeko kuva nkitangura umuziki ( inkuru )

Umuraperi Thomas Nzeyimana, azwi kwizina rya Mkomboz. kuri ubu ngo nivyishimo vyinshi kubera indirimbo aheruka gusohora yise Papa Nzeyimana. ati kuberiki rero ?

Nkuko tuzi Umuraperi Nzeyimana asohora indirimbo zubutumwa gusa, ntaza ndagukunda cherie yigera akora. niyo azikoze ntiziba ari iziwe, ziba ari izo yakoranye nabaririmvyi bakunda kuririmba izurukundo. kuri facebook yiwe yatangaje ko kuva agitangura umuziki nubwambere abona abantu bamuhamagara amarira abuzuye abandi bamushimira bimwe bikomeye kubera indirimbo Papa Nzeyimana aheruka gusohora. hakaba ninkuru duheruka gusoma kuma web yahano i Bujumbura yuko. mkomboz iyo ari hanze, yari yiyicariye ahantu ariko arumviriza iyo ndirimbo yiwe nyene Papa Nzeyimana. aza abona umuzungu aje aho yicaye ati : ndakunda indirimbo yawe cane, yatumye ndira. mkomboz nawe ati ; none ko indirimbo iri mukirundi woba watahuye ivyo navuze. wamuzungu ati : oya ariko nahise numva ko ari indirimbo ihanura, kandi numvise binshitse mumutima uko.
Mkomboz rero niho yaciye amusigurira indirimbo, uwo muzungu rero indirimbo ubu arayikunda bimwe bikomeye akaba nubu ngo azoca ayisubiramwo mugifaransa.

iyo ndirimbo rero niyasohoka bakunzi aa burundi hit hano ntizohabura, mugume hafi gusa.

aha niho mkomboz yashiraho iryo tangazo



                                         aha akaba yari i Rutana ariko araramutsa urwaruka rwari rwaje
                                         kumuraba.



 Abantu boba batarumviriza iyo ndirimbo Papa Nzeyimana mushobora kuyumviriza
hano

Indirimbo nshasha ya Kidumu na Sat B ( new song )

bankunzi ba blog Burundihits.blogspot.be turabaramukije.
unomunsi twabaronkeye indirimbo iryoshe bimwe vyakarorero. ikaba ari indirimbo nshasha yari irindiwe na benshi. kuva nomu mpera za 2014, aho kuma facebook hooose hariko haravurwa ko hari indirimbo Sat B na Kidumu boba bariko barakorana ico gihe abantu barashushe. bamwe ati nibanyarukane iyo ndirimbo intuntu ntinyice.ahubwo ubu vyasa nkaho abantu batanguye kuyibagira. ,  iyo ndirimbo rero nkiyironka nahise ndayifata ati sinogenda ntayisangiye nabafana ba muzika ndundi. ndavyizeye ko iza kubaryohera.




indirimbo nimuyumvirize hano 

mercredi 22 avril 2015

Abana ba Kidumu nabo bariko bariga kuvuza ama piano nibindi ( amafoto )

Umuririmvyi wumurundi Kidumu akomeye muri kano karere ka east africa mumuziki, muri iki gihe
abafana biwe ntabwo baherutse indirimbo yiwe nshasha. ariko iciza ntabwo abura ibiteramo vyo gushimisha abakunzi biwe. uyu muririmvyi arazwi cane ariko umuryango wiwe sinibaza ko hari abanyamakuru bamuzi. ivyo bikaba vyumvikana kenshi abastar ntibakunda kwerekana abavyeyi biwe bose kugira abanyamakuru badaca batangura kuvuga ubuzima privé bwa famille. ivyo namwe muravyumva. ariko imperuka nimperuka biraca ahabona vyose kubera nibwo buzima bwabastar.
Kidumu rero akaba yashize hanze amafoto yabana biwe bariko baravuza ama beteli na piano.
ivyo bikaba vyashimishije benshi cane, bamwe bakizera ko nabo bana bashobora kuzoba umuririmvyi akomeye nka papa wabo. ariko tukaba tutashoboye kumenya amazina yabo bana. ariko twabaronkeye amafoto. raba abo bana biwe naba



ushobora kudukurikirana kuri page facebook yacu hano Burundi-Hit

dimanche 19 avril 2015

Miss Nono Ngo imbanyi nini ( inkuru namafoto )

Umuririmvyikazi miss nono, mumisi iheze habonetse amafoto yiwe mashasha asa naho yibungeze, ariko abandi bati niko angana nubuvyibuhe afise. kandi niho habonetse nabakunzi benshi biwe bagumye baturungikira ubutumwa ngo tuzobabarize niba yoba yibungenze, tukaba twaragerageje gutohoza, tukaba twaranashoboye kuvugisha Miss Nono, tukaba twamubwiye yuko hari abantu benshi bariko baratwandikira ubutumwa ngo tubabarize niba yoba yibungenze. nuko tukaba twaramubajije, ariko ntaco yashimye kuvuga yatwishuye atubwira ati, muzumva vyinshi. haha aho rero murumva ni bisigura ko atibugenze. miss nono numwigeme yatanguye umuziki kuva kera ariko uyu mwaka wa 2015 niho yavuze ko agarutse agarukanye inguvu, uyu mukobwa akongera akamenyekana mubakobwa babarundikazi bakeye bafise nigisusu kinini. ubu kandi akaba asigaye ari mumurwi uririmba ukaba uheruka no gusohora indirimbo murayibona hepfo yamafoto.
abafana ba miss nono rero murumva ntabwo afise inda. ico tuzi ayifise ntabwo yoyihisha. kubera nikintu kitanyegezwa kubera amaherezo kirateba kikaboneka.

                        iyi niyo foto abantu batanguye kuvuga ko yoba yibungenze.


umviriza indirimbo nshasha baheruka gusohora be numurwi wiwe.

vendredi 17 avril 2015

Vyishi kundirimbo nshasha ya Mkomboz yise Papa Nzeyimana ( inkuru hano )

Umuraperi Thomas Nzeyimaba azwi kwizina rya Mkomboz  mumuziki, uyu muraperi rero akaba ari umutanga butumwa akomeye, ninavyo biranga umuririmvyi, umuririmvyi azi neza akazi kiwe ico gasigura, umuririmvyi numutanga butumwa. Mkomboz rero numuraperi yamye atanga ubutumwa mundirimbo ziwe zose. mumpera zuyu mwaka wa 2014 niho yasohoye indirimbo yise Nzeyimana, ubutumwa buyirimwo rero bukaba bwarakoze kubantu bamwe bamwe, baca batangura kumuhungabaniriza umutekano. igitangaje rero ari nako yavuze muri interview yahaye site web ikorera hano i Bujumbura izwi kwizina ikirere.com. mkomboz yavuze ati : indirimbo yanje niba ubona hari ico navuze nabi, canke nabesheye umuntu, urampamagara tukaja mubutungane, tukaburana hama nsinzwe nkariha amande, pana guca uza kundondera mwijoro, ico gihe mkomboz kubera ubuzima bwiwe bwari bugeramiwe, yaciye ahunga igihugu, aho twumvise ko yari ageze muri amerika, nubu rero akaba ngo ari mu buhungiro. abafana benshi cane baciye bibaza ati ko ahatswe turibaza ko atazosubira gutanga ubutumwa bomeye kandi tuzoba duhomvye. niho rero ejo mkomboz yakoze kumutima wabarundi bose, aca asohora indirimbo nshasha yise Papa Nzeyimana.
iyo ndirimbo nayo nene ifise ubumwa bukomeye, ubutumwa kandi bukaba buraba umuntu yipfuza gutwara Uburundi. hari nkaho avuga ati :

ntuzobuze umurundi agiye mwibarabara yerekana umubabaro wiwe, kubera bizogufasha.
ntuzobuze kuvuga amabi akogwa, uzotubuza kuyavuga ariko ntuzotubuza kuyabona ''

nubundi butumwa bwinshi.

aya namafoto ya mkomboz yafashwe mubugeni bwumumenyeshamakuru wa radio isanganiro Christian Nsavye


Umviriza iyo ndirimbo yiwe nshasha yise Papa Nzeyimana

Mushobora kudukurikira kuri page yacu. /Burundi-Hit/

mardi 14 avril 2015

Black Artur ashobora kuba afise umukunzi mushasha ( amafoto )

Umuhinyanyuzi wama clip vidéo, ariwe Black artur, afise inzu yiwe ihinyanyura amaclip yise Akaga Vidéo, uyu musore akaba yatanguye kera ibintu vyo guhinyanyura ama clip. muri iyi minsi rero akomeje gukoresha urubuga rwiwe rwa facebook aho vyerekanye ko agomba kwitako cane abakunzi bibikorwa vyiwe. aho usanga agenda akabaganiriza mugukora ama statut. uyu musore rero nkuko dufise umu paparazzi amukurikirana ibikorwa vyiwe mumpisho, umwe mubapaparazzi dufise akaba ari nawe yafashe amafoto yiwe akiyashira kurubuga rwiwe. uyu musore rero nkuko umwe mubapaparazzi yatwiganiriye, ngo yacanze abakunzi biwe kuri facebook.
aho wasanga ashizeko ifoto yumukobwa akavuga ngo numugore wiwe, hama haheze iminota agashirako uyundi badasa ngo uri vyose nipfuza, murabibona kumafoto twashoboye kuronka
ariko muri abo bakobwa bose ntitwashoboye kubamenya amazina.


                                                 uyu numwigeme yashizeko kubwanyuma.
                                                 

                                    uyu mukobwa nawe ngo ari ivyo yipfuza vyose.
                                     uravye uyu mumaso hiwe biraboneka ko adasa nuriya yise ngo numugore
                                     wiwe.
                                           uyu ngo ngo niwe mugore wiwe. namwe muravyuma ni danger. canke afise abo bose uko ari batatu.
                                    aha rero ivyiyumviro nivyinshi, afate inde canke areke inde ?

namwe mumufashe gutora rero,

ushobora kudukurikirana kuri facebook yacu hano Burundi-Hit

lundi 13 avril 2015

Amafoto ya danger ya Lady grace na Nihanna kuri piscine ( amafoto )

Umuririmvyi kazi aririmba cane akongera akaba ari namushasha mumuziki. ariwe Grace mugisha mumuziki azwi kwizina Lady Grace. akaba anaheruka gusohora clip yiwe yambere yindirimbo nyene itari imaze igihe kini isohotse, iyo nayo ikaba atari iyindi ni Ntawukuruta, indirimbo yaciye ibintu kuma web akorera hano i burundi. clip nayo ikaba yaciye ikoranwa ubuhinga bukomeye. uyu mwigeme rero akaba agenda nincuti yiwe yitwa Nihanna nawe numuririmvyi, nyuma yakora umwuga wo gukira amaswali yindirimbo ( actrice )
nkuko rero bano bakobwa babiri babonetse bariko barishimisha kuri piscine. bakaba bahafatiye amafoto ya danger, nkuko biboneka no kuri piscine usanga bafise nagacupa ko gusoma. abantu benshi babaka barabishimye cane, kubera biboneka ko bari mumunezero.
Burundi hit ikaba yashoboye kubaronkera ayo mafoto yarabe hano








raba hano clip Lady Grace aheruka gusohora
Umviriza indirimbo nayo Nihanna aheruka gusohora

jeudi 2 avril 2015

Intambo zitangaje nizo zizorangwa muri clip yindirimbo '' Isi ni rwacu'' ya Overdo team ( amafoto )

umurwi Overdo team urangwa nabasore batanu ariko hakaba haravuyemwo babiri kumvo yaamshure bari bagiye kubandanya hanze. ubu rero hakaba hasigaye abasore batatu.
muri iki gihe rero bariko barakora amasanamu yindirimbo yabo bise Isi ni Rwacu.
nkuko tubakurikira cane nkumbuga zabo za nkoranya bumenyi ( internet ) niho twabonye amafoto aranga iyo clip, aho ubonamwo abakobwa bavyinana nabo basore bimwe vya danger.
amafoto akaba arayo twashoboye kubaronkera