dimanche 19 janvier 2014

Annick kabatesi : umwaka utanguye neza (amafoto )

Umuririmvyikazi akaba Annick kabatesi azwi mumuziki kwizina Murundikazi musique, kuriwe umwaka umutanguriye neza, aho umuntu avyihweje kumafoto mashasha yasohoye. Annick kabatesi rero benshi bazi muma clip vidéo yindirimbo zabarundi, nka sheba ya R-flow, umpora iki ya yvan. nizindi nyinshi aho munyuma yahise atangura nawe kuririmba aca asohora indirimbo yitwa siamini. kandi annick akaba akora nimpuzu zibiti, iri nak kazi ashira imbere cane mubikorwa vyiwe.
Kuri facebook ejo itariki 18/01/2014 yari mubastar baguma bahayagiza uburundi mugihe bariko barakina umupira wamaguru nikipe yo muri Mauritanie aho Uburundi bwatsinze 3 kuri 2. iyo ntsinzi rero ikaba yarashimishije abarundi bose, imiduga mumabaraba ya Bujumbura yari yuzuye umunezero utoraba. Tugiye kuri Annick nawe, kumafoto yiwe harabonekamwo umunezero, aho mengo nuwaronse inzu nshasha, nimashini ngurukana bumenyi izwi kwizina rya Ipad mururimi gwicongereza. sivyo Gusa ubone annick kumafoto biraboneka ko ninyambaro (style ) isa niyahindutse. aho ubu umubona mwikanzu zica ibibatsi, muraza kuvyibonera kwifoto. Annick rero tubibutse ari mu bastar bakunda igihugu cabo cane gose, aho yagiye mumakungu mumahanga
mwihayagiza ryuburanga mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika, wasanga ashira imbere idarapo ryuburundi nimpuzu zibiti ziwe akora akaba abanyamahanga benshi barazikunze, ahubwo ubu nabavuzi Bingoma hari muzoza mubona bambaye zirya muzu zibiti.

mumunezero atanguranye na 2014 raba amafoto
                                  ariko arafata imfungurwa numuvinyu kuruhande

                                   ivyishimo utoraba
                                  kakamashini yakakije ariko aragakoresha
                                  yambaye nazakanzu zica ibibatsi.
                                  afise nyakamashini, umunezero ari mwinshi
                                 Mumunezero bariko baravuga ngo '' sante ''
                                umunezero


Raba indirimbo yiwe '' Siamini ''


Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire

Ivyiyumviro vyanyu birakenewe