dimanche 17 novembre 2013

Bamwe mubastar babakobwa baririmba nabakora akazi ko gukina muma clip vidéo Ndundi.(actrice )

Menya amakuru promoted, yarabarondereye abigeme bakora umuziki nabakora ubuzi bwo gukina muma clip arivyo bita Actrice mururimi rwigifaransa.  mubigeme twashoboye kuronka amafoto yabo, harimwo abavanga ubwo buzi kari bubiri, nibintu bisanzwe kubera kenshi Gukina film sibintu vyoroshe. ariko iyo uri umuririmvyi kenshi umuririmvyi akunda kuba azi gukina film. kubera burya biragoye nko kwiriza kandi utakintu kikurijije, canke kwishavuza kandi atakintu kigushavuje. kenshi rero abaririmvyi bamwe bamwe baca bitiza kubantu babishoboye mu baririmvyi. Ariko hari bamwe bamwe bahora bakina muma clip vidéo munyuma bagakora umuziki. ivyo rero bavyita ngo Gufashanya muri Art. aha reroturabereka abaririmvyikazi babarundi nabakinyi bo muma clip vidéo.
                                                   
                                                     Sharifa Luna : azwi muma clip nka siwezi ya elly's boy
                                                     nawe amakuru twagiye twumva hirya no hino, ngo agiye gutangura
                                                    kuririmba vuba cane.
                                           Inarunyonga : Umuririmvyikazi amaze kumenyekana cane,
                                           azwi cane nko kundirimbo Sugar dady acitwa miss arlaine, mumisi                                                    yahera yariyerekanye cane, mu biteramo yagiye ajamwo.
                     
                                         Ariane kanyamuneza : Numuririmvyikazi azwi nko kundirimbo  yitwa         
                                            hankana abakundana, akaba yafasha na kidumu muma concert.
                                       Annick kabatesi : numukinyi wo muma clip vidéo nka sheba ya R-flow  wapambe ya Yvan muzik akaba nawe aheruka  kwinjira mumuziki, ariko nubu aracakora ubwo buzi. kandi akaba akora nimpuzu zibiti, nkizo mpuzu yambaye niwe azikorera, akambika nabaririmvyi bakora indirimbo zakaranga nkakurya kwa steven sogo, shazi kool nabandi.
                                          Samatha : Numuririmvyi akaba akunzwe cane nabantu kwijwi afise ryiza, aho yanagize amahirwe yo kuja mwihiganwa Primusic kandi akagira ikibanza gishimishije, Primusic ya mbere yabaye uwakabiri, primusic yakabiri yongera aba uwakabiri. akaba zwi no kundirimbo Diama yakoranye na Big fizzo
                                   Olga Lorie : numuririmvyikazi ari mubastar bakomeye cane hano buja aho amaze Gukorana indirimbo nabaririmvyi benshi nka Lolilo,elly's boy,nabandi benshi. hari abamuzi nko kundirimbo yakoranye na lolilo yitwa Akarorero.
                                          Thity Love ; Numuririmvyikazi akaba nawe kera yakina muma clip benshi bamuzi nko muri clip Kuri kakagezi ya Rally Joe, uwo mwigeme rero ubu akora umuziki kandi akaba nawe amaze Gutera intambwe nziza. akaba hari nindirimbo amaze gusohora nka Kwanini, baby boy nizindi.
                                                   Ingrid september : Numukinyi wama clip vidéo azwi cane nko kundirimbo '' Icokumpa'' yumugwi Indimu. Ingrid nawe rero akaba yaciye yinjira mumuziki, aho amaze gusohora indirimbo yitwa Uzohateba niyindi aheruka gusohora arikumwe numuraperi wo mumurwi Guestion-G ariwe Josdy, indirimbo ikaba yitwa leo.
                                                         Miss Nono : Numuririmvyi akaba afise indirimbo zitarike, benshi bakaba bamukundira ijwi ryiwe ryiza, akaba azwi nomuri clip vidéo yindirimbo burundi bwacu yakoranye na Belly nice, niyindi aheruka gusohora yise hora nkwinginge.
                                 Chany Queen canke Chanella : numuririmvyi, ari mubaririmvyi bazwi cane, hano i burundi. benshi muramuzi yataguriye umuziki rimwe naba Lolilo, Fizzo nabandi benshi.


Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire

Ivyiyumviro vyanyu birakenewe