Biravurwa ko Abigeme baririmba bafise ikibazo co gukora indirimbo canke kwamamarizwa ibikorwa vyabo. nkaho nkumuhinyanyuzi windirimbo (producteur ) akunda gusaba abakobwa ngo baryamane kugira amukorere indirimbo. canke ngo kugira amwamamarize ibikorwa vyiwe bisaba ngo baryamane.
ivyo rero biravurwa numwe mubigeme babaririmvyikazi bahano i burundi, ariwe Ndayishimiye Arlaine azwi kwizina rya Inarunyonga, yuko ibintu nkivyo bica intege abaririmvyikazi babigeme.
akaba yanditse kurubuga rwiwe rwa facebook ati :
'''Bonjour
kubakunzi banje bose? Hararibintu maze iminsi nibaza bikansiga! Mbega
kuki aba producteur bamwe bamwe naba journaliste bamwe bamwe bashaka
gudufata nabi twebwe abaririvyi kazi kubera umwuga wacu?kugira
bakugirire promotion yakazi kawe bamanza kugusaba ivyo bagusaba nkuko
umengo igihe Imana yakurema barikumwe ayibwira ati "mushirireko ibyo
nzamusaba!!" birateye isoni kandi barikuduca intege...
cane. Nkaba ndonse akaryo kokubwira nimba harabigeme babaririvyi kazi
bemera kuryamana nabo ba producteur canke aba journaliste kubera
promotion bigumye bihe agaciro bamenye kuwuteza imbere umuntu n'Imana
yonyene gusa. N.B: 1mwohanuriki aba bantu basubiza umuziki wabigeme
inyuma? 2.kuki muburundi umuziki wabigeme udatera imbere?
Gira ico muvuze kubakunda umuziki wabarundikazi. Merci '''
Inarunyonga
Inarunyonga
Uwo muririmvyikazi rero Inarunyonga mumunsi yahera hakaba haravuzwe inkuru hirya no hino kuma site web, kumbuga za facebook yuko ashobora kuba yarabaye arahagaritse umuziki; akaca muvyo gukora ama film.
imwe mumafoto ya filmRaba imwe mundirimbo ziwe
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire
Ivyiyumviro vyanyu birakenewe