vendredi 11 juillet 2014

Urukundo, nugukora cane, ubu Sat b yatanguye kubona inyungu

Umuririmvyi Sat B yamenyekanye cane mundirimbo zitanga ubutumwa nka ukuri, reka mbege nizindi ndirimbo nyinshi. uyu muririmvyi afise urukundo yisangije, nko mugukunda abana bo mwibarabara akanabaririmba. benshi mubaririmvyi batangura,umuziki bakagira nkaho bawuvukiyemwo, ariko Sat b wewe, yatanguye kuririmba ubona nomuma clip ko ari umwana wo gufasha, nukwo abantu batangura kumukunda kubera ubutumwa bwiwe. niho yagiye arakura mumuziki, aca ahura numuhinyanyu akomeye yitwa washington wumugande, barakoranye ariko munyuma baravana iyo yose yari intambwe ariko aragerako, yagiye aduga cane kuburyo buboneka. ubu naho akaba aherekeza amarushanwa yateguwe na blarudi, ihiganwa bitse primusic. ivyo vyose niteka aba ariko araronka mumuziki. tubibagiye ubu aheruka kubona urupapuro ruzomujana muri côte d'ivoir agiye guhiganwa, mwihiganwa ryitwa Kora award, iryo higanwa rikazoba ririmwo abaririmvyi bakomeye nka diamond (tanzania ) Koffi olomdé ( congo ) nabandi bakomeye, kugira atorwe kandi akaba yatowe nabafana biwe, nubu kandi akab asaba ko babandanya kumutora. naho rero Sat b ubu akaba kuri facebook yeretse abafana umwimbu wamafaranga amaze kuronka, aho yayerekana kuri facebook bamwe bibajije ngo nukwirata ariko ngo sukwirata ashaka kwereka abafana umwimbu ko ari nabo bawumuha. ubu rero Sat b akaba yaciye afata ingingo yo kwubakisha inzu nziza yabavyeyi biwe,ivyo bikaba vyashimsihije benshi, aho yayishira kuri facebook ifoto yinzu agiye gusanura, yavuze ati : amamodoka nzoba ndagura ariko ngira mbanze nsanure inonzu, abayizi bazoyiyoberwa.

raba amafoto

                          iyi niyonzu agiye gusanurira abavyeyi biwe.
                                       kuva agitangura umuziki yamye akunda abana bo mwibarabara

                          naha namafoto yama yafatanye nabana bantaho nikora
umviriza indirimbo aheruka gusohora sat b

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire

Ivyiyumviro vyanyu birakenewe