muri uyu mwaka wa 2014 usigaje iminsi mikeyi, itanashika nindwi ugiye kurangira, muri uyu mwaka rero tuka twarakurikiranye umuziki ndundi, hakaba haraciyemwo ibinyoma, twavyise ibinyoma kubera umwaka urarangiye atavyo tubonye, ubu naho ababikoze ntibovuga ngo ntiharagera, kubera umuntu akubwiye ngo ngiye gukora kino kintu, umwaka ugahera mumuziki bica biboneka ko ari ikinyoma sana. aha ibinyoma vyabonetse,
Lolilo ati : ngiye gukorana indirimbo na dr jose chameleone, turarindirira turabura, niho twaciye tubona Jose chameleone aje i burundi gusoza ihiganwa primusic, duca twibaza yuko bazoca bayikorana imbere yuko asubira muri ouganda.
Jay Fire nawe mubinyamakuru atangaza yuko agiye gukorana indirimbo numuririmvyikazi wo mu Rwanda yitwa Knowless. nubu amaso yahereye munzira.
Ikinyamakuru kizwi cane muri muzika ndundi, arico Indundi.com
ico kinyamakuru cakoze ibikora inka mumuziki ndundi, cane gose nabantu barashima.
harageze yuko baza baratora numuririmvyi wukwezi. baragize ama courage menshi cane, ikinyamakuru gica cemerera abaririmvyi yuko umuririmvyi azoba uwuwezi, azoca akorerwa clip yiyo ndirimbo yiwe. aho umuririmvyi yitwa Small doog aca aba uwukwezi, nubu clip ntiturayikubita niryahumye.
Black Artur numuhinyanzuzi wama clip munzu yiwe yise Akaga vidéo.
uwo muririmvyi ubonye ama clip yatanguriyeko ugaca ubona nayo asigaye akora ubu, urabona cane gose ko ageze kugweko rwa kure. niho yaciye atangaza mubinyamakuru yuko ngo agiye gukorera clip umuririmvyikazi wumunyarwanda yitwa Knowless, gushika nubu ntanubwo turumva yahonyoje ikirenge mu Rwanda.
Missy Arlaine canke inarunyonga, nawe muntango za 2014, mubinyamakuru yatangaje yuko umuziki
agiye kuwuhagarikira bimwe bikomeye, yuko mbere asigaye afise umurwi uririmba ugizwe nabakobwa batatu, mubinyamuru bakamubaza ngo ushobora kubatubwira, nawe ati ni surprise, nubu iyo surprise ntiturayikubita niryahumye.
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire
Ivyiyumviro vyanyu birakenewe